- Umwanditsi, Basillioh Rukanga & Komla Adom, BBC News, Nairobi & Accra
- Igikorwa,
Abantu batari munsi ya ndwi bishwe barashwe mu mishamirano hagati y’abasirikare bari bacunze umutekano mu ntara ya Ashanti hagati mu gihugu, nk’uko bivugwa n’igisirikare.
Igisirikare ca Ghana kimenyesha ko abantu bimba mu birombe badakurikije amategeko bagera ku 60, bari bitwaje ibirwanisho birimwo inkoho, binjiye gahati mu kirombe kigenzurwa n’ikigo AngloGold Ashanti, bakarasa ku basirikare igihe bariko bagerageza kubatangira.
Ibi vyatumye abasirikare “baca barasa babivuna”, bituma haba abapfa n’abakomereka, nk’uko biri mw’itangazo ry’igisirikare.
Umwe mu baserukira abo bimba mu birombe ariko arahakana ko bari bafise ibirwanisho.
Ayo makuru amaze kumenyekana, habaye imyiyerekano mu muji wa Obuasi aho imodokari zo mu bwoko bwa ‘bus’ nyinshi zaturiwe.
Abanyagihugu bahaba bari bashavuye, bagiye ari benshi mu kibanza ikigo AngloGold Ashanti gikoreramwo, baturira imodokari zitari munsi ya zitatu, n’ibindi bikoresho vy’ico kigo.
Perezida John Mahama yategetse ko haba amatohoza kuri ico kibazo, aho yavuze ko uwo ariwe wese yoba yarakoze ibiciye kubiri n’amategeko, azoshirwa imbere y’ubutungane.
Itangazo ryavuye mu biro vy’umukuru w’igihugu rivuga ko abapfuye ari umunani.
Leta yabwiye ikigo AngloGold Ashanti guca kiriha amafranga akenewe mu kuvuza abakomeretse no gufasha gushingura abapfuye, kandi yasavye inzego z’umutekano kubumbatira amahoro muri ako gace.
Ico kigo kivuga ko ibintu vyasubiye mu buryo kandi kiriko gikorana n’abategetsi baho.
Kivuga ko ikiraje ishinga kuri bo ari ‘umutekano n’amagara y’abakozi babo n’abandi bari muri ako gace’ bagizweko ingaruka n’ico kibazo.
Ikigo c’itangazamakuru Reuters casubiyemwo amajambo y’uwuserukira urunani rw’amashirahamwe mato mato y’abakozi bo mu birombe, Kofi Adams, avuga ko ivyabaye “ata na rimwe vyari bwaboneke”.
Yavuze ko abantu 9 bapfuye abandi 14 barakomereka, aho yagize ati “biragoye gutahura impamvu vyashitse”.
Imbere y’aho, yavuze ko, kare ‘hahora haraswa hejuru mu gutanga imburi’, kugirango birukane abashaka kwinjira.
Arahakana kandi ibivugwa n’abasikare ko abo bateye bari bafise ibirwanisho.
Igisirikare cavuze ko “abo bacukura mu birombe mu buryo butemewe n’amategeko bari bafise inkoho zakorewe aho nyene, n’ibindi birwanisho vyica.
Kivuga ko cabikoze kuko gifise inshingano zo kwivuna, no gukingira abanyagihugu b’inzirakarengane n’inyubako, harimwo gukoresha inguvu zica.
Hari imishamirano hagati y’ikigo AngloGold Ashanti, n’abanyagihugu bakirega gucukura muri ivyo birombe ariko ntihagire ikintu kiboneka bakorarera ako karere mu kugateza imbere no gushiraho ubuzi.
Amwe mu mashirahamwe y’abacukura mu birobe, bakomeje gusaba ko bohabwa igice c’amasoko y’ibirombe ico kigo ceguriwe.
Ico kigo coco kimenyesha gishimitse ko kimaze gukora ibikwiye kuri abo banyagihugu
Ku munsi wa mbere, inyubakwa z’amashure amwe amwe yegukira ico kigo muri ako karere, vyatangajwe ko zimara iminsi ibiri zugaye kubera ivyabaye.
Hamaze kuba ibibazo vyinshi hagati y’abajejwe umutekano n’ababa muri ako karere muri kahise, ariko ico kibazo gitera gikomera kubera ibibazo vy’ubutunzi biri mu gihugu.
Ghana kiri mu bibazo vy’ubutunzi buguma bwiyongera, ikibazo cabaye nabi kurusha uko vyari bwaboneke muri uru runganwe, harimwo n’amadeni ari ku gatwe ka leta, kuduga kw’ibiciro n’ubushomeri.
Kumwe n’ico kibazo c’ubutunzi, harabe ukwiyongera kw’abacukura mu mashirahamwe, harimwo ababikora bidaciye mu mategeko, abaja mu bibanza bidakurikira ibikenwe mu kwimbwa, ivyononera ibidukikije.